Rio 2016 : Impunzu zambawe n'abanonotsi batandukanye

Mu birori vyatanguje inkino Olympique za mbere zibereye ku mugabane wa Amerika y'ubumanuko, abanonotsi barenga 10 000 bavuye mu bihugu 206 batambagiye kuri stade Maracana.

Insiguro y'isanamu,

Umugwi wo muri Cameruni wambaye impuzu kama zitwa toghu.

Insiguro y'isanamu,

Abavuye muri Portugal bambaye jeans, bahisemo kwambara ibisanzwe mu birori.

Insiguro y'isanamu,

Indoneziya yahisemwo kwambara impuze zisa n'iza cami.

Insiguro y'isanamu,

Abanonotsi b'i Bermudes batambagiye mu mpuzu zabo kama.

Insiguro y'isanamu,

Uwatwaye idarapo ry'amazinga ya Tonga yaryoheye ishisho rya benshi mu kuza ata mpuzu yo hejuru yambaye, yisize amavuta menshi.

Insiguro y'isanamu,

Abanyapakistani mu mpuzu zabo kama shalwar kameez, bashizeko na za jile

Insiguro y'isanamu,

Abanonotsi bo muri Norvege bambaye umwambaro uriko ibisharizo vyihariye

Insiguro y'isanamu,

Mozambique yahisemwo kwambara ivy'amakaro manini.

Insiguro y'isanamu,

Ibimenyetso vy'ubutumwa binyegeje (code barre)? Uyu ni umugwi wa Hungariya.

Insiguro y'isanamu,

Icatsi, umuhondo n'ubururu: abanonotsi ba Brezil bambaye impuzu z'amabara y'ibendera ryabo.