Ubugizi bwa nabi bukomeye imbere y'amatora muri Zambia

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Uruhagarara ni rwose imbere y'amatora yo kuwa kane muri Zambia
Umukuru w'umugwi ujejwe amatora muri Zambia yavuze ko ubugizi bwa nabi buhari butari bwaboneke mu gihe hitezwe amatora rusangi kuwa kane.
Esau Chulu yahamagariye abakuru b'umugambwe uri ku butegetsi, Patriotic Front, hamwe n'uwutavuga rumwe na leta, United Party for National Development, gutekanya abakunzi bayo.
Ivyo yabivuze nyuma y'umunsi umwe abashigikiye leta bateye bisi ya UPDN.
Umunyamakuru wa BBC ari muri Zambia avuga ko ubugizi bwa nabi mu matora bubandanya naho mu kwezi guheze bahagaritse kwiyamamaza iminsi cumi ku murwa mukuru Lusaka, kugira ubwo bubisha buhagarare.