Zambia yazindukiye mu matora y'umukuru w'igihugu

Abantu imiliyoni 6.7 ni bo biyandikishije mu matora muri Zambia
Mu gihugu ca Zambia abantu bazindukiye mu matora y'umukuru w'igihugu n'ayo abashingamateka.
Mu kibanza c'umukuru w'igihugu, prezida ahari ubu Edgar Lungu w'umugambwe PF n'uwuserukira umugambwe utavuga rumwe na reta wa UPND, Hakienda Hichilema ni bo bahanganye.
Abiyandikishije kwitaba amatora bashika imiliyoni 6.7.
Incuro ya mbere, uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ategerezwa gushikana ibice 50 kw'ijana vy'amajwi, hamwe n'irindi nota rimwe kw'ijana kugira ntaje mu matora agira kabiri.
Prezida Lungu yatsinze amatora aheruka ku majwi 48%.
Abaraba ibintu n'ibindi muri politike, bavuga ko ikibazo c'ubutunzi bugenda bugabanuka ari co abatora bashora kwishimikiza cane.
Ita ry'agaciro k'umujumpu, ari na yo nkingi y'ubutunzi bw'ico gihugu, vyatumye vyinshi mu birombwe vyugarwa, abantu benshi baratakaza akazi.
Ukwiyongera kw'ubutunzi kwaragabanutse gushika ku ca kabiri, Zambia ikaba yarasavye n'imfashanyo mu kikega c'isi yose FMI.
Uretse ivyo, Zambia co kimwe no mu bindi bihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, ihanganye n'ikibazo c'uruzuba kitari bwigere gishika mu myaka 35.
Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Lungu yitoje ubugira kabiri
Edgar Lungu yari yatsinze amatora yateguwe inyuma y'urupfu rwa prezida Michael Sata.
Umugambwe wa UPND (United Party for National Front) wagiriza prezida Lungu ko ubutunzi bw'ico gihugu buriko buratemba arorera.
Ariko umugambwe uri ku butegetsi wa PF(Patriotic Front) uvuga ko uriko urarondera inzira yo kubuzamura.
Ishirahamwe rimwe ryagabishije ko imishamirano yagaragaye mu gihe co kwiyamamaza ishobora gutuma bamwe mu biyandikishije mu matora batayitaba.
Iryo shirahamwe rya Zambian Elections Information Centre rivuga ko impande zose zidakurikiza amategeko y'abajejwe umutekano.
Ahavuye isanamu, AFP
Hakainde Hichelema, ahanganye na prezida Lungu, yemeye guhagararira ubutunzi bw'ico gihugu mu gihe yotahukana intsinzi.
Hakainde Hichelema yemeye guhagararira ubutunzi bw'ico gihugu mu gihe yotahukana intsinzi.
Ku musi wa kabiri, umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora, Esau Chulu, yasavye abo bategetsi babiri bahanganye kudatuma haba imishamirano.
Amatora aza kurangira isaha 18 muri Zambia (16:00 GMT), ivyayavuyemwo bikaba vyitezwe ku musi wa gatanu canke ku wa gatandatu.