Uburusiya bwatanze inzira yo gutanga imfashanyo i Aleppo

Aleppo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Onu ivuga ko abantu bari mu gisagara ca Aleppo bakeneye imfashanyo vyihuta

Ingabo z'Uburusiya zishaka guhagarika ibikorwa vya gisirikaremu akanya gato mu gisagara ca Aleppo kiri mu buraruko bwa Syria, mu ntumbero yo gutanga inzira yo gushikana imfashanyo kubazikeneye vyihuta.

Ntibiramenyekana nimba n'abagwanya ubutegetsi bwa Syria na bo baza guhagarika ibitero muri ako gahengwe k'amasaha atatu.

Ariko abategetsi ba Onu bavuga ko ari umwanya muto wo gufasha igitigiri kinini c'abantu bakeneye imfashanyo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Onu ivuga ko ibitero ku bitaro bibandanya

Intambara ikomeye imaze imisi ibera mu gisagara ca Aleppo hagati y'abarwanya reta ya Syria hamwe n'abasirikare ba reta bashigikiwe n'Uburusiya.

Hari kandi n'inkuru z'ivuga ko hakoreshejwe ivyuka vy'ubumara mu bitero vyagizwe mu gace kigaruriwe n'abagwanya ubutegetsi.

Abaganga bavuga ko abantu bane bahasize ubuzima, abandi benshi bakaba barakomeretse.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uburusiya bushaka gutanga amasaha atatu y'agahengwe kugira hatangwe imfashanyo

Vyibazwa ko iyo gaz yoba ari iyo mu bwoko bwa chlorine yashizwe muri bombe.

Mu misi iheze, abaganga bo mu karere ko mu buseruko bw'ico gisagara kari mu minwe y'abagwanya reta, barateye akamo prezida wa Amerika Barack Obama ngo arungikire imfashanyo abanyagihugu 250.000 bahaba.