Thailand: Ibibombe vyaturikiye ahakunzwe n'ingenzi

Thailand Police Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umutekano wongerejwe i Hua Hin no mu micungararo yaho

Ibibombe vyikurikiranya vyaturikiye mu bisagara bikunze kugenderwa n'ingenzi mu gihugu ca Thailand bihitana abantu bane abandi benshi barakomereka, hakaba havugwa n'ibindi vyoba vyakurikiye.

Mu kibanza gikunzwe cane ca Hua Hin mu gisagara, ibombe zine zaturitse mu masaha 24 aheze.

ibindi bibombe vyaturikiye kandi mw'izinga rya Phuket ku wa gatanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu EUROPEAN PHOTOPRESS AGENCY
Image caption Haba i Hua Hin canke ku bibuga vy'indege vyo mu bumanuko bwa Thailand

Nta mugwi n'umwe uriyitirira ivyo bitero, ariko hikekwa umugwi w'abagwanyi bashaka kwiyonkora.

Igihe bibereye kirakomeye, mu gihe ku wa gatanu bibuka umusi w'amavuka w'umwamikazi.

Abagize ibitero biboneka ko bibanze ahanini mu bibanza bikunzwe n'ingenzi, kandi inkuru z'ibindi bibombe biguma biturika hirya no hino zibandanya gushika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hua Hin ni igisagara cegereye Bangkok gikunzwe n'ingenzi

Ivyo bibanza vyatewe harimwo Hua Hin ku birometero 200 mu bumanuko bwa Bangkok, mu gihe intara ya Phuket iri mu bumanuko bwa Thailand.

Ivyo bibanza vyose co kimwe na Phang Nga bizwi ari ku musenyi ku nkengera y'ikiyaga hateye igomwe.

I Surat Thani, ivyo bibombe vyaturikiye imbere y'amakambi y'igipolisi.