Zambia: Hichilema arinubira kwibwa amajwi

Prezida wa Zambia Edgar Lungu n'akanama kajejwe gutegura amatora bagirizwa n'abatavuga rumwe na reta kwiba amajwi

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Prezida wa Zambia Edgar Lungu n'akanama kajejwe gutegura amatora bagirizwa n'abatavuga rumwe na reta kwiba amajwi

Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’umugambwe utavuga rumwe na reta mu gihugu ca Zambia, yagirije akanama kajejwe gutegura amatora muri ico gihugu, ko kamwivye amajwi.

Umugambwe wa Hakainde Hichilema wikuye mu gikorwa co guharura amajwi, inyuma y’aho widogeye ko habayemwo ubusuma bwinshi, na cane cane adoma urutoke ku kungene amatora yagenze.

Mu gihe igikorwa co guharura amajwi kibandanya, umukuru w’igihugu ahari ubu Edgar Lungu, ari mbere y’uwo bahanganye Hichilema, ku majwi make.

Hakainde Hichilema, bubaye ubwa gatanu yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, avuga ko habaye ubusuma ku musi w’amatora ku musi wa kane.

Umugambwe wiwe ushaka ko amajwi yo mu gisagara gikuru ca Lusaka asubirwamwo guharurwa, inyuma y’aho berekaniye ko hatakurikijwe amategeko.

Prezida Edgar Lungu aracari imbere ku gice c’amajwi amaze guharurwa gushika ubu.

Muri ico gihe nyene, prezida Lungu yahamagariye abanye Zambia gutekana no kwubahiriza ivyipfuzo vy’abanyagihugu.