Rio: Wayde van Niekerk yaciye umuhigo umaze imisi 6.198

Wayde van Niekerk yaciye umuhigo kw’isi gushika ubu wari umaze imyaka 17 mu kwiruka imetero 400 wari ufiswe na Michael Johnson, mu nkino za Olempike ziriko zirabera I Rio.

Uwo munonotsi w’imyaka 24 yagize amasegunda 43”03, akaba yagabanije amasegunda 0”15 ku mwanya wa Johnson yagize I Seville mu 1999.

“Yarabihanije,” ni ko Johnson yatsinze inkino za Olempike incuro zibiri zose, yavuze.

"It was a massacre," said Johnson, who won two Olympic 400m titles.

"Van Niekerk aracari muto, hari ikindi yari gukora? Yoshobora kuja musi y’amasegunda 43? N’ikintu niyumviriye nari gushikako, ariko ntigeze nkora.”

Umuhigo wa Michael Johnson w’amasegunda 43”18 wari umaze imisi 6.198.

Umuhigo wa Van Niekerk, yatsindiye umudari wa mbere w’inzahabu igihugu ca Afrika y’epfo, yavuze:” Nari nipfuje ibi bintu kuva nkiri umwana.”

“Narumva ko bishoboka. Ndanezerewe kuba ibintu vyagenze uko nabishaka. Ndashimira Michael Johnson kuba yaratubereye akarorero. Nakoze uko nshoboye.”

Van Niekerk yatsinze Merritt yari yabaye uwa mbere I Beijing mu mwaka uheze, hamwe n’bandi batatu bari bagize umwanya uri musi y’amasegunda 44”, ariko we akaba yari yabaye uwa gatanu.