Rudisha yabaye uwa mbere mu 800m i Rio

Umunonotsi David Rudisha yagumije ikibanza ciwe ca mbere mu kwiruka 800m mu nkino za Olempike i Rio
Umunonotsi wo muri Kenya David Rudisha yongeye gutsinda mu kwiruka imetero 800 mu nkino za Olempike ziriko zirabera I Rio mu gihugu ca Brezil.
Uwo munonotsi w’imyaka 27, yerekanye ubumenyi afise mu kwiruka, aho yavuye inyuma atangura gucako abo bariko barahiganwa basigaje kunzunguruka rimwe ikibuga, mbere n’uwundi mukenya mugenzi we Alfred Kipketer yamusize, arangiza ku masegunda 42”15.
Na yo umunya Algeria Taoufik Makhloufi yatahukanye ikibanza ca kabiri, aca atwara umudari w’ifeza, akaba yagize amasegunda 42”.61.
Uwo munya Algeria ni we yatwaye umudari w'inzahabu ku metero 1.500 muri 2012. Akaba mbere no mu kanya ahejeje kuronka uburenganzira bwo kuja mu nkino za nyuma zo kwiruka izo metero 1500 co kimwe n'abandi banonotsi 10.
Mu zindi nkino vyagenze gute?
Hamenyekanye kandi abanonotsi 6 b'abigeme bazoja mu nkino za nyuma zo kwiruka imetero 5000, bakaba bagizwe n'abanye Kenya 3 n'abanye Ethiopia 3.
Tubibutse ko ejo aho bukera, umwigeme w'umurundikazi Francine Niyonsaba ari ho azohiganwa mu kwiruka imetero 800.
Abakinyi ba Basketball ba Nigeria mu bagabo, baraye batsinzwe na Brezil ku manota 89-69. Nigeria yahejeje ari iya nyuma mu mugwi B, bakaba batsinze urukino rumwe batsindwa 4.
Mu nkino zo gukubitana ingumu, umunye Maroc Achraf Kharroubi yatsinzwe n'umunye Cuba Yosbany Veitia, umunya Misri na we Hosam Bakr Abdi akubitwa n'umunye Mexique Misael Rodriguez mu gice ca kane gishira ica nyuma.