Abashinwa babiri biyemeje kwubakana i Rio

Ahavuye isanamu, AP
Umunonotsi Qi ariko arasaba He ko bowkubakana mu nkino za Rio
Umunonotsi w’umushinwa mu kwoga He Zi yaronse umudari w’ifeza mw’ihiganwa rya Olempike ririko rirabera I Rio ku musi w’Imana.
Ariko yararonse n’akandi gashimwe aho umukunzi wiwe Qin Kai, imbere y’amakuru y’ikibiriraho yariko araca ku mboneshakure, yapfukama imbere yiwe amuhereza impeta amusaba ko bokwubakana.
Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
He mu munezero wo kuronka umudari n'impeta y'urukundo
Imana yamufashije, Qin we yari yaronse umudari w’umujumbu, yaciye yemera.
“Tumaze imyaka itandatu dukundana, ariko sinari nzi ko uyu munsi ansaa ko twokwubakana”, uko ni ko yavuze.
Yavuze ko: Ibintu vyinshi vyaraduhaye icizere, ariko ikintu cankozeko gusumba n’uko uyu ari we muntu wenyene nshobora kwizera mu buzima bwanje bwose.
Ahavuye isanamu, AP
Qi mu munezero
Ababibonye bavuga ko ivyo bintu vy’imbonekarimwe ari vyo vyavuzwe cane muri iyo misi mikuru yo gutanga imidsri.