Abasirikare ba AU baciriwe urubanza muri Somalia

Abasirikare icenda b'ubumwe bwa Afrika baciriwe gupfungwa hagati y'umwaka n'itatu kubera kugurisha igitoro
Abasirikare icenda b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika baciriwe urubanza rwo gupfungwa bagiriwe n’icaha co kugurisha igitoro mu gihugu ca Somalia.
Abo basirikare bose bo mu gihugu ca Uganda, baciriwe urubanza rwo gupfungwa hagati y’umwaka umwe n’icenda muri sentare ya gisirikare ya Uganda.
Batatu muri bo kandi birukanywe mu gisirikare.
Bubaye ubwa mbere, sentare ya gisirikare y’ubumwe bwa Afrika, icira urubanza mu gihugu ca Somalia kuva abo basirikare bashitse muri ico gihugu haraciye imyaka icenda.
Uganda ni yo ifise abasirikare benshi muri Somalia bashika 22.000 bari kugwana n’abagwanyi ba Al-Shabab muri ico gihugu.