Umwana wa El Chapo Guzman yanyurujwe

Igihe El Chapo Guzman yahagarikwa n'igipolisi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Igihe El Chapo Guzman yahagarikwa n'igipolisi

Umwana wa Joaquin El Chapo Guzman adandaza cocaine, n’umwe mu bagirizwa ubukozi bw’ikibi bafashwe ingwati mu gisagara kiri ku kivuko c’ibahari Pacifique ku musi wa mbere.

Igipolisi kivuga ko Jesus Alfredo Guzman w’imyaka 29 ari bantu icenda b’umuhari Sinaloa bafashwe ingwati n’uwundi mugwi batarabana ryiza, uzwi kw’izina rya Jalisco New Generation.

Ivyo vyabereye mu nzu y’ubunywero iri mu gisagara gikunzwe kugenderwa n’ingenzi nyinshi ca Puerto Vallarta.

Chapo Guzman, ubu ari mw’ibohero amaze imyaka myinshi cane ari we arongoye uwo muhari wa Sinaloa.

Jesus Alfredo yagirizwa kari ari umunywanyi wo mu rwego rwo hejuru w’uwo muhari.

Aronderwa na Amerika kubera ukugurisha cocaine.

Amerika kandi irarondera kuburanisha se wiwe Joaquim El Chapo Guzman kuko imwagiriza kujana no kugurisha cocaine nyinshi muri ico gihugu.

Yasubiye gufatwa kandi mu kwezi kwa mbere, inyuma y’amezi atandatu atorotse ibohero aciye mu muringoti w’ibirometero 1.6, avuye mw’ibohero yari apfungiwemwo.