Dr Riek Machar ntakiri muri Sudani y'epfo

Dr Riek Machar yaravuye muri Sudani y'epfo inyuma y'aho hasubiriye kwaduka intambara i Juba
Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu wa Sudani y’epfo, Dr Riek Machar, yavuye muri ico gihugu, inyuma y’indwi zike zakurikiye intambara yasubiye kwaduka hagati y’ingabo ziwe n’abasirikare ba reta bashigikiye prezida Salva Kiir ku mugwa mukuru Juba.
Umuvugizi wiwe, James Gatdet Diak yavuze ko uwo mutegetsi yashoboye kuja mu gihugu kibanyi, atavuze izina.
Prezida Kiir yirukanye mu mabanga yiwe Dr Machar mu kwezi guheze.
Taban Deng Gai ni we yaciye agenwa kumusubirira.
Dr Machar yari yavuze ko atazogaruka I Juba hatabonetse abasirikare mvamakungu batagira aho begamiye boza gucungera umutekano wiwe.