'Natoye data kuri facebook'

Ahavuye isanamu, FARHIYA
Farhiya na se wiwe Siid Sharif
•Farhiya yatandukanye na se wiwe akiri uruyoya
•Ntiyigeze amukubita ijisho mu kiringo cababa imyaka 40
•Basubiye kubonana bafashijwe n’umuntu batazi ku mbuga ngurukanabumenyi
"Ndagukeje! Twatoye so wawe!” ivyo ni vyo yasomye muri mail yiwe.
“Sinashobora kuvyumva igihe naronka iyo nkuru ubwa mbere.” N’uko Farhiya yavuze. “Zari indoto zanje zibaye ukuri. Ariko buri gihe namanye icizere ko umusi umwe iki gihe kizoshika.”
Igihe ykura, Farhiya yahora abaza nyina wiwe ingene se wiwe yasa.
“Ni nk’uko yambwira kwiraba mu corore.” Ni ko Farhiya abisigura.”Uvuga nka we, utambuka nka we, mbere unaharira nka we,” ni ko nyina yishura.
Ariko uretse amafoto make ya kera, nta kindi yarafise yokwifashisha mu kumurondera.

Ahavuye isanamu, FARHIYA
Farhiya yamenye se wiwe ku mafoto ya kera(ahagaze impera i buryo)
Farhiya w’imyaka 39 yavukiye i Leningrad-ubu hitwa St Petersburg mu 1976 kuri nyina w’Umurusiyakazi na se w’Umunyesomaliya.
Siid Ahmed Sharif n’umwe mubanye Somaliya bakiri bato b’abasirikare bari batumweko kwiga mu cahoze citwa URSS, aho ico gihugu carondera kugira ijambo ku mugabane wa Afrika.
We na nyina wa Farhiya barateguye kwubakana, ariko umwaka wakurikiye, Farhiya yaciye avuka, Somalia kija mu ntambara n’igihugu kibanyi ca Ethiopia, hanyuma Uburusiya buca bushigikira Ethiopia muri iyo ntambara.
Mu kanya gato, igihugu ca Somaliya caciye gihamagara abagiserukira muri URSS hamwe n’abanyeshure bigayo, harimwo na se wa Farhiya, bose basabwe gutahuka.
"Jewe na mama wanje twari twagiye kuramutsa nyokuru mu burengero bwa Serbia igihe twumva ubwa mbere ivy’iyo ntambara,” n’uko yavuze.
”Ndibuka mu nyuma ambwira ko yaciye amenya ubwo nyene ibibaye ku muryango wacu, ico ivyo bisigura kuri data.”

Ahavuye isanamu, FARHIYA
Ubutumwa bwa Farhiya kuri facebook
Sharif yari afise amasaha 24 gusa yo gutekera utwiwe. Mu gihe umukunzi wiwe yari kure, ntiyanashoboye no kumusezera, ariko yasize ikete ririko ikibanza abavyeyi biwe babamwo i Mogadishu.
”Ndazi ko ataduhevye, ntiyigeze adusiga canke atwibagira,” ni ko Farhiya.
”Yaradusize gusa kubera uko ibintu vyari vyifashe.”
Ariko kandi ivyo bintu vyatumye tudasubira kuvugana.
Umuryango watandukanye mu myaka yababa 40.
Uretse ivyo, mu buto bwa Farhiya nta co yigeze abura.
"Nari mfise urukundo rwinshi rwa mama wanje. Incuti ziwe barampaye urukundo rwinshi barananyitaho, numva ntasanzwe,” uko ni ko Farhiya yavuze.
”Nari nezerejwe n’iragi ryanje, nezerejwe n’ingene ntasa n’abandi... abo twigana, abigisha banje kw’ishure no kuri kaminuza baguma bambwira ko ntasanzwe.”
Farhiya yatanguye kurondera se wiwe agifise imyaka 12.
Ariko amakete yose yarungika ku kibanza se wiwe yari yasize yanditse ko kibamwo umuryango wiwe, yose yaca agaruka.
Yaranagerageje kuca ku muryango utabara imbabare Croix Rouge, mu gisata co gushakisha ababuranye, ariko birananirana.

Ahavuye isanamu, FARHIYA
Farhiya na nyina wiwe akiri umwana
“Abandi bana b’abarusiya barashoboye gutora abavyeyi babo mu bindi bihugu vya Afrika, kuko vyari vyoroshe. Ivyo bihugu vyari bifitaniye ubucuti, ababiserukira hamwe n’abantu bakora mu Burusiya bagenda bagaruka mu bihugu vya Afrika. Ariko kuri Somalia, gushikayo vyari bigoye cane.” N’uko Farhiya yavuze.
Rimwe na rimwe, yagiye arahagarika kumurondera cane, ariko ntiyigeze aheba iciyumciro ko kurondera se wiwe.
“Vyasa no kugerageza kurondera hanyima ukananirwa, ugaheba imyaka mike hanyuma ugasubira ukarondera kandi ugasubira ukabura, “ nk’uko abisigura.
Igihe igihugu ca Somalia cinjira mu ntambara mu 1991, vyaranciye intege cane.
Intambara yarabandanije imyaka irenga mirongo ibiri, iriko irasa niyirangira imbuga ngurukanabumenyi zaciye zitangura gukora, biha ikindi cizere Farhiya.
Rumwe mu mbuga ngurukanabumenyi rw’Uburusiya, Vkontakte, hari umupfasoni yavuze ko afasha abana kurondera abavyeyi babo bari mu bindi bihugu, ariko iyo nzira na yo nyene nta ho yanshikanye.
“Yaramwandikiye ariko avuga ko nimba data ari muri Somaliya, ngo nta co yoshobora kumfasha,” ivyo bivugwa na Farhiya.
Hanyuma yaciye atangura kurondera amafoto ya Somaliya kuri Instagram.
Menshi mu mafoto yagiye agirako “like” yari yashizweko n’umusore w’umunye Somaliya yitwa Deeq vyasa n’uko azi ico gihugu cane, hanyuma aramwandikira kugira arabe ko yomufasha.
Itariki 16 ukwezi kwa gatatu ni ho yashirako icipfuzo ca Farhiya kuri Facebook.
Abantu baciye batangura kwandika, umwe muri bo aca yandika “Uwo ni mwenewacu Farhiya.”
Vyari vyanditse na mwenewabo wo ku wundi mugore aba I Oslo, kandi ico gihe babana na se wiwe.

Ahavuye isanamu, DEEQ M AFRIKA
Ifoto y'igisagara ca Mogadishu yashizwe ku rubuga rwa Instagram na Deeq M Afrika
Inyuma y’indwi nke, haheze igihe bahamagarana kuri skype, Farhiya, nyina wiwe n’umugabo wa nyina, baragiye muri Norvege kuraba se wiwe.
“Nasanze ameze uko navyibaza,” uko ni Farhiya avuga. “Dutambuka co kimwe. Dufise ijwi rimwe. Vyaransize ubwenge-ubu ko turi babiri turi kumwe inyuma y’umwanya ungana gutyo!”
Yarabonanye na batatu muri benewabo yavyaye ahandi, hanyuma uwundi musazawe aza avuye muri Suede, aho se yaba igihe kinini. Na se wabo yaraje kwifatanya n’uwo muryango.
Farhiya yasanze na se wiwe yagumye amurondera.
“Igihe twavugana kuri skype umusi wa mbere, yambwiye uko yagerageje kuza kuturaba,” nk’uko bivugwa na Farhiya.
Ariko we na nyina wiwe bari barimutse inyuma y’aho nyina wiwe yubakiye urwiwe, kandi Sharif ntiyamenye aho bimukiye.
Co kimwe n’umukobwa wiwe, yagumye agira ingorane z’umuryango kubera uko kuvavanura muvyo imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Ahavuye isanamu, FARHIYA
Farhiya akiri umwana mw'ishure, ku murongo w'imbere agira uwa kabiri uva i buryo
Muri iyi misi Farhiya na nyina wiwe baravugana na Sharif kenshi kuri skype kandi bimirije gusubira guhura.
Mu misi iza ashobora kuza i Petersburg.
Hari vyinshi mu buzima bwa se wiwe Farhiya akeneye kumenya, n’ibindi nawe nyene co kimwe na nyina wiwe bakeneye kumubwira vyerekeye iyo myaka mirond ine.
Iciza gikomeye, Sharif aracibuka ikirusiya yize mu myaka myinshi iheze.
Farhiya aranezerejwe n’uko yatoye umuryango wiwe uba muri Scandinavia no muri Somaliya, ariko rimwe na rimwe biramugora kwiyumvisha ko yashoboye kubatora.
”Nta nkeka ko bizontwara umwanya muremure kwemera ko muri telefone ngendanwa zanje, ubu mfisemwo nimero ikomeye gusumba zose mu buzima bwanje- telefone ya data.”