Igishusho ca Trump ari gusa cashamaje benshi
Aya ni amafoto yavuye muri Amerika, aho igishusho c'uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'umugambwe w'abarepublicains, Donald Trump ari gusa casamariwe n'abantu benshi bariko bararengana.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibishusho vya Trump ari gusa vyashizwe mu bibanza vyinshi mu gisagara ca New York, Los Angels, Seattle, San Francisco na Cleveland mu gihugu ca Amerika ku musi wa kane, abantu benshi barabisamarira
Ahavuye isanamu, Reuters
Ivyo bishusho vyerekana Trump ashavuye vyashizweho mu muigambi wa INDECLINE, bikaba vyakozwe n'umunyatugenegene ava mu ntara ya Cleveland
Ahavuye isanamu, Getty Images
"Ducisha kuri iki gishusho mu kwereka abanyagihugu uko umwe mubanye politike bameze nabi kandi bankwa cane muri Amerika ameze n'ubushobozi bwiwe," uko ni ko INDECLINE yavuze mu butumwa yatanze.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bariko bararengana basamariye bongera baranezerezwa n'ivyo bishusho, bamwe mbere baranabisoma.
Ahavuye isanamu, EPA
...Abandi bagerageje kwifata nk'ico gishusho
Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri rusangi, uwo mugambi watangaje abantu benshi mu banyamerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Ariko abakozi abakozi bo mu bibanza bafatiramwo akayaga mu gisagara ca New York baciye bakuraho ivyo bishusho. "NYC Parks iriyamiriza ishirwaho y'ivyo bishusho bitamenyeshejwe muri ivyo bibanza batanaravye uko ivyo bibanza kingana," uko ni ko umuvugizi wa Sam Biederman yavuze.
Ahavuye isanamu, AFP
Abajejwe imyiyamamazo ya Trump gushika ubu nta co barabivugako