Abarenga 130 bamaze gufatwa na Cholera I Bujumbura

Ikigo bakiriramwo abarwayi ba Cholera muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura
Insiguro y'isanamu,

Ikigo bakiriramwo abarwayi ba Cholera muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura

Abantu barenga 130 ni bo bamaze kwandura ingwara ya Cholera mu karere kw’ubuvuzi ka Bujumbura, kuva mu mpera z’ukwezi guheze.

Muganga Thadée Ndikumana avugira ubwo bushikiranganji amenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 27 mukakaro uyu mwaka, muri ako karere abantu bagera kw’ijana na cumi na babiri ari bo bashikanywe mu kigo kivura iyo ngwara co mu kabezi.

Ahandi hibonekeje iyo ngwara ya Choléra muri ico kiringo ni mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Muganga Thadée Ndikumana yabwiye abanyamakuru ko abantu 9 bava mu mazone ya kinama na ngagara ari bo bashikanywe mubitaro vya Prince Régent Charles biri mu gisagara ca Bujumbura.

Bimwe mubituma iyo ngwara igwirirana n’umwanda muke hamwe n’ubukene bw’amazi meza.

Radio BBC Gahuzamiryango yashoboye gushika muri komine Kabezi aho ikiza c’iyo ngwara ya Choléra cahereye.

Muduce tutari duke two kumurwa mukuru w’iyo komine nta mazi aharangwa.

Ibito n’ama bombo nka vyose vyari vyakamye.

Insiguro y'isanamu,

Abanyagihugu bavoma mu nzuzi

Umumenyeshamakuru wa BBC Gahuzamiryango yasanze abakenyezi n’abana bariko barayora amazi yo mu ruzi Nyabisogi ruri hafi y’umurwa mukuru wa komine Kabezi.

Ayo na yo akaba ari yo bakoresha ibikorwa vyo gukinjika no kwoza ibikoresho vyo munzu.

Jacqueline Nahimana, umwe muri abo bakenyezi ati : ' turazi ko aya mazi ari mabi ariko ntakundi twogira kubera turetse kuyavoma abana bohava badupfirako n’inzara. Dusaba ababijejwe ko boturonsa amazi meza '.

Hirya y’urwo ruzi nko ku metero 500, hari agacimbiri Gakongero, aho benshi mubahaba batagira utuzu twa surwumwe.

Insiguro y'isanamu,

Abanyagihugu benshi ntibagira utuzu twa surwumwe

Umutamakazi w’imyaka 70 aba kuri uwo musozi avuga ko amaze igihe adafise akazu ka surwumwe kubera aho yahorana kasenyutse.

' Mw’ijoro abuzukuru banje iyo bakeneye kuja kumwanda mukuru, nca nimba akanogo gatoya bakajamwo ngaca mfurira '.

Thadée avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu asaba abo banyagihugu kwubaka imisarani vuba no gukaraba n’amazi meza n’isabuni igihe cose bagira bafungure canke bavuye mu kazu ka surwumwe.

Abasaba kandi kwitura ibitaro biri hafi badatevye igihe cose bobona ibimenyetso vyo gucibwamwo no kuyorwa.