Turkiya yateye intambwe ikomeye mu kwiyunga na Israel

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Ubwato Mavi Marmara bwatewe n'abakomando ba Israel bica Abanyaturkiya cumi
Inama nkenguzamateka ya Turkiya yemeje amasezerano yo kwiyunga na Israel aheruka gushirwako umukono mu gihe umubano wari umazi imyaka itandatu warahagaze.
Turkiya yarashavuye cane igihe abakomando ba Israel bica abaharanira agateka ka muntu cumi b'Abanyaturkiya, bari mu bwato Mavi Marmara bariko baragerageze gushikana imfashanyo i Gaza mu 2010.
Iyicwa ryabo ryariyamirijwe hirya no hino kw'isi.
Ayo masezerano amaze kwemezwa na leta ya Israel, avuga ko Israel izoriha imiriyoni mirongo ibiri z'amadolari y'indishi y'akababaro ku miryango y'abo bishwe, kandi Turkiya itanguze imigambi yo gufasha akarere ka Gaza.