Umugambwe CNDD FDD watoye inzego nshasha ziwurongora

Ahavuye isanamu, CNDD FDD
Inzego nshasha za CNDD FDD zatorewe mw'ikoraniro kaminuza yabereye i Gitega
Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, watoye urwego nyobozi rushasha, nyuma y'umwaka Prezida Nkurunziza arahiriye amabanga yo kurongora igihugu.
Gen Evaritse Ndayishimiye niwe yatowe mu kibanza c'umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD.
Uretse gutora indongozi zishasha z'uwo mugambwe, bahinduye kandi uko inzego zitunganijwe mw'ikoraniro kaminuza ryabereye i Gitega hagati mu gihugu.
Ikibanza ca prezida w'umugambwe cafuswe
Muri izo nzego nshasha, Joseph Ntakarutimana yahora ari icegera c'umukuru w'umugambwe, yabaye icegera c'umunyamabanga mukuru.
Ahavuye isanamu, CNDD FDD
Ikoraniro kaminu rya CNDD FDD i Gitega
Gen Evariste Ndayishimiye yari yatanze imihoho mu gisirikare mu kwezi guheze.
Zenon Ndaruvukanye yahoze arongoye intara ya Bujumbura, yatorewe kuba mu kibanza c'uwujejwe ubutunzi mu mugambwe.
Uwujejwe kumenyesha amakuru nawe ni Nancy Ninette Mutoni, yahora ajejwe ayo mabanga nyene mu biro vy'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu.