Boko Haram yagavye igitero muri Kameruni hapfa batatu

Ahavuye isanamu, AFP
Boko Haram yateye mu karere karimwo abasirikare mpuzamakungu bayirwanya
Umwiyahuzi yaturikije igisasu mu buraruko bwa Kameruni ahitana abantu batatu abandi barenga mirongo ibiri barakomereka.
Ico gitero cabereye kw'isoko mu muji wa Mora, aho abasiriakare mpuzamakungu bariko bararwanya abrwanyi b'umugwi wa ki Islam, Boko Haram.
Uwo muji uri ku rubibe na Nigeria, aho umugwi Boko Haram wamuka.
Umushikiranganji wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, azogendera Nigeria kuwa kabiri no kuwa gatatu, aho vyitezwe ko aganira na leta ku kibazo co kurwanya Boko Haram.
Bwana Kerry azobanza kugendera Kenya, aho ikibazo co kurwanya uwundi mugwi wa ki Islam - Al Shabaab - kizoganirwa.