John Kerry ari mu rugendo mu gihugu ca Kenya

John Kerry na Uhuru Kenyatta

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Kohn Kerry ahanini araganira ku bibazo vy'umutekano mu rugendo arimwo muri Afrika

Umushikiranganji wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderenire, John Kerry, ari mu mubonano n'umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, baganira ku vy'umutekano.

Vyari vyitezwe ko baganira ku kibazo c'imirwano muri Sudani y'epfo hamwe n'uko vyivashe muri Somalia, aho abarwanyi ba Al Shabaab babandanya ibitero.

Bwana Kerry mu nyuma aza kubonana n'abashikiranganji umunani bo mu bihugu vya Afrika y'ubuseruko.

Azoja muri Nigeria ejo kuwa kabiri kuganira ku vyerekeye kurwanya umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram.