Inkino za Olempike i Rio zasozerewe n'ibirori vy'agakura

Ibirori vyo gusozera inkino za Olempike za 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibirori vyo gusozera inkino za Olempike za 2016

Inkino za Olempike zarangijwe n’ibirori vya carnival, hamwe no guhererekanya n’Ubuyapani buzotegura izo nkino mu 2020, I Tokyo.

Ivyo birori vy’agakura, vyamaze amasaha atatu, vyerekanye akaranga ka Brezil bikaba vyabereye I Maracana.

Mu vyerekanywe, hariho ibirori vy’agakura vy’abayapani hamwe hamwena Carnival.

“Ibi ni ibirori vya Olempike vy’igitangaza, bibereye mu gisagara giteye igomwe,” nk’uko vyashikirijwe n’umukuru wa komite Olempike, Thomas.

“Muri iyi misi 16 iheze, Brezil ifatanye mu nda yabaye akarorero kw’isi, mu bihe bitoroshe kuri twese, mu kutereka akanyamuneza mu buzima.”

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC SPORT
Image caption BBC SPORT

Abategetsi ba Olempike basozereye izo nkino zigira iza 31 zari zimaze imisi 16, zihuza abanonotsi 11.303 bava mu bihugu 206 hamwe n’umugwi w’impunzi.