Abagwayi bahabwa imiti myinshi muri Afrika

Abagwayi benshi bahabwa imiti batarinze no kubapima
Insiguro y'isanamu,

Abagwayi benshi bahabwa imiti batarinze no kubapima

Ubushakashatsi bwerekana ko abaganga bo mu bihugu vyo musi y’ubugaragwa bwa sahara batanga imiti myinshi gusumba iyirekuwe n’ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS.

Ubwo bushakashatsi bwagizwe na kaminuza y’I Londres mu Bwongereza hamwe n’ikigo gitanga impanuro ku magara y’abantu co muri Ghana, bagize mu bihugu cumi na kimwe vyo musi y’ubugaragwa bwa Sahara, bwerekana ko abarwayi bahabwa buri gihe imiti itatu iyo bagiye kwa muganga, ukaba uri umuti umwe urenze k’yitegekanijwe na OMS.

Bivugwa koi co kibazo gikomeye ku mashirahamwe avyungukiramwo, mu gufasha kugira hagurishwe imiti myinshi.

Basanze kandi ko abagwayi benshi bagiye bahabwa imiti yo ugabanura ubuabare, batarinze kubapima, bikongereza ingorane zitewe n’iyo miti.