Nigeria: Abategetsi benshi ba Boko Haram bishwe

Umukuru wa Boko Haram Abubakar Shekau yakomeretse bikomeye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru wa Boko Haram Abubakar Shekau yakomeretse bikomeye

Umukuru w’umuhari Boko Haram mu gihugu ca Nigeria, Aboubakar Shekau, yakomeretse bikomeye mu gitero c’indege cagizwe n’igisirikare c’ico gihugu, nk’uko biri mw’itangazo rya reta.

Ategetsi bakuru benshi b’uwo muhari na bo bishwe.

Inkuru ziva mu gisirikare kigwanira mu kirere muri Nigeria zivuga ko ico gitero cakozwe ku musi wa gatanu itariki 19 z’ukwezi kw’umunani, ighe abo bategetsi bariko barasenga mu kigwati ca Taye, mu karere ka Gombale mw’ishamba rya Sambisa, riri mu ntara ya Borno.

Nk’uko igisirikare kibivuga, abategetsi ba Boko Haram bishwe ni nka Abubakar Mubi, Malam Nuhu hamwe na Malam Hamman.

”Umukuru wabo, azwi kw’izina rya ‘Abubakar Shekau’ vyemezwa ko yakomeretse cane,” uko ni ko igisirikare kibimenyesha mw’itangazo ryashikirijwe n’icegera c’uwujejwe kumenyesha inkuru Col Sani Kukasheka Usman.

Umuhari wa Boko Haram umaze imisi uri mu ngorane z’uburongozi.

Image caption Borno

Umugwi wa Islamic State waramenyesheje ko Abu Musab al-Barnawi ari mukuru mushasha wa Boko Haram.

Ariko umwanya muto inyuma y’iryo tangazo, Shekau yavuze ko ari we akiri umukuru w’uwo muhari, yagiriza na al-Barnawi kugerageza kumukura ku butegetsi.