Nyamugigima cahitanye abantu 13 mu Butaliano

Inzu nyinshi zo mu bisagara biri mu karere ka Umbria zasenyutse Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Inzu nyinshi zo mu bisagara biri mu karere ka Umbria zasenyutse

Habaye ca nyamugigima gifise inguvu zingana na 6.2 ku bipimo vya Richter mu karere ka Umbria hagati mu gihugu c’Ubutaliano, kizika abantu mu kuzimu, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi b’Ubutaliano.

Ico ca nyamugigima cabaye igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu mw’ijoro, mu masaha yo mu butaliano, ku birometero 76 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Perugia, ku birometero 10 mu kuzimu, nk’uko vyamenyeshejwe n’ikigo co muri Amerika kijejwe kugenzura vya nyamugigima, USGS.

Vya nyamugigima vyumvikanye kandi mu bisagara bitandukanye nk’i Roma. Muri ico gisagara amwe mu mazu yanyiganyize nk’isegunda 20, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru La Repubblica.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abajejwe gutaba bavuga ko hoba hononekaye ibintu vyinshi cane

Bivugwa ko abantu bane ari bo boba bahasize ubuzima mu karere ka Accumoli, umukuru w’igisagara kibanyi ca Pescara del Tronto avuga ko abantu babiri bageze mu za bukuru bitavye Imana inyuma y’aho inzu yabo ibomokeye.

Ako karere kari mu ntara za Lazio na Marche, karakunzwe kugenderwa cane n’ingenzi, kandi hari abashitsi benshi bari bakiri muri ako karere muri iki gihe.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliano, Matteo Renzi, yavuze ko reta yiwe ibandanya kuvugana n’ibigo bitandukanye bijejwe gukingira abanyagihugu.

Umukuru w’igisagara ca Amatrice, Sergio Perozzi, yabwiye radio imwe ya reta ko, RAI, ko ico gisagara cononekaye cane.

“Amabarabara yo kwinjira canke gusohoka muri ico gisagara ntarengana. Abantu bari musi y’ibihome vyababomokeyeko...imisozi yabomotse kandi hari n’ikiraro kimwe gishobora kubomoka umwanya uwo ari wose,” n’uko yavuze.

Ishirahamwe rijejwe gukingira abanyagihugu mu Butaliano ryavuze ko ico ca nyamugigima cari “kibi cane”.

Image caption PERUGIA

Ubwa mbere hibazwa ko ico ca nyamugigima cari gifise ibipimo vya 6.4, kikaba cakurikiwe n’ibindi bikomeye cane nk’uko vyandika n’ikinyamakuru La Repubblica.

USGS bavuga ko ivyahononekariye bishobora kuba ari vyinshi cane.

Mu mwaka 2009, ca nyamugigima gifise ibipimo vya 6.3 carabaye mu karere ka Aquila, aho cumvikanye no mu gisagara c’i Roma.

Abantu barenga 300 baritavye Imana.