Burundi: Ibiringo vy'umukuru w'igihugu nibifutwe

Mgr Justin Nzoyisaba arongowe umugwi wa CNDI avuga ko abarundi benshi bipfuza ko ibiringo vy'umukuru w'igihugu bifutwa
Image caption Mgr Justin Nzoyisaba arongowe umugwi wa CNDI avuga ko abarundi benshi bipfuza ko ibiringo vy'umukuru w'igihugu bifutwa

Umugwi ujejwe ibiganiro mu gihugu hagati CNDI uvuga ko abarundi benshi mubo wumvirije bashaka ko ibiringo vy'umukuru w'igihugu vyofutwa agatwara incuro zose zishoboka mu gihe yoba atowe.

Uwo mugwi wari uramutse utanga icegeranyo inyuma y'amezi atandatu ukora, uvuga ko abarundi bose basavye ko abahoze ari abakuru b'igihugu batoja mu nama nshingamateka batabitorewe.

Muri ico cegeranyo kandi uvuga ko abarundi benshi basavye ko ibwirizwa nshingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha.

Umukuru w’uwo mugwi Musenyeri Justin Nzoyisaba ntavuga urwo rugero rw’abarundi benshi ingene rungana.

Yavuze ati ‘’nta buhinga twakoresheje kugira tumenye ingene bangana’’ ariko avuga ko ku bwiwe yibaza ko '’barenga 90%’’.

Uwo mugwi wamenyesheje kandi ko wongewe ayandi mezi atandatu.

Wari wahawe ikiringo c’amezi atandatu ya mbere gishobora kwongerezwa bikenewe.

Ku makomine agize uburundi uwo mugwi urongowe na Musenyeri Justin Nzoyisaba umenyesha ko umaze gushika mu yari munsi ya 50%.

No hanze y'Uburundi uvuga ko utarashikayo kuvugana n'abarundi babayo.

Image caption CNDI ivuga ko abitavye ibiganiro bose basaba ko abahoze ari abakuru b'ibihugu boja mu mabanga babanje gutorwa

Musenyeri Justin Nzoyoisaba yamenyesheje ko bazosubira gushikiriza icegeranyo inyuma y'amezi atatu , ica nyuma na co gitangwe amezi atandatu bongewe aheze.

Uwo mugwi ugizwe n'abantu batandatu washinzwe mu mwaka uheze, ufise igikorwa co gutunganya ibiganiro hagati y'abarundi baba mu gihugu hagati no hanze yaco kugira bashikirize ivyiyumviro ku vyerekeye ivya politike, ubutunzi n’imibano, amasezerano ya Arusha , ayo guhagarika intamnbara, n'ayo ubumwe bw'abarundi mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane zihanze Uburundi.