Abazize Nyamugigima mu Butaliano bongerekanye

Inyubakwa nziza nziza za kera zo mu gisagara ca Amatrice zasambutse Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inyubakwa nziza nziza za kera zo mu gisagara ca Amatrice zasambutse

Igitigiri c’abantu bahitanywe na canyamugigima mu gihugu hagati mu Butaliano hakiri kare mu gatondo ko ku wa gatatu gishitse ku 247, mu gihe hakironderwa ababuriwe irengero.

Abajejwe gutabara barabandanya igikorwa co kurondera abacitse kw’icumu n’ibiziga bikiri musi y’ibihome.

Ico canyamugigima gifise inguvu za 6.2 ku bipimo vya Richter carononye cane ibisagara vya Amatrice, Accumoli na Pescara del Tronto, aho abantu benshi bitavye Imana.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Ibikogwa vyo gutabara vyabandanije no mw'ijoro

Abajejwe bikorwa vyo gutabara babandanije bakora no mw’ijoro, ariko harageze igihe bagira ibibazo kubera ikindi canyamugigima cajugumije izindi nzu zari zigihagaze.

Akarere kabereyemwo ico ca nyamugigima kari mu misozi mu ntara ya Umbria, Lazio na Marche.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Ibikogwa vyo gutabara vyabandanije no mw'ijoro

Ahaturuka ico canyamugigima ni hagufi na Norcia, ku birometero 170 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Roma.

Hubatswe amahema yo gufasha abantu batakigira aho bakika umusaya.