Colombia: Amasezerano y'amahoro n'abagwanyi ba FARC

Uwuserukira reta ya Colombia mu biganiro Humberto de la Calle (i buryo) n'uwuserukira Farc Ivan Marquez (i bubamfu) bariko barashira umukono ku masezerano y'amahoro imbere y'umushikiranganji wa Cuba ajejwe imigenderanire Bruno Rodriguez
Insiguro y'isanamu,

Reta ya Colombia n’umuhari uyigwanya wa FARC bashize umukono ku masezerano y’amahoro, yo guhagarika intambara yari imaze imyaka irenga mirongo itanu.

Impande zose ko ari zibiri zumvikanye gufasha abanyagihugu, mu kwitaho abazahajwe n’iyo ntambara hamwe no kugarukana amahoro.

Insiguro y'isanamu,

Abanyagihugu ba Cuba mu munezero wo kwigina ayo masezerano

Itangazo bashizeko umukono ryasomwe mu birori vyabereye I Havane ku mugwa mukuru w’igihugu ca Cuba, aho ivyo biganiro vy’amahoro vyari bimaze imyaka ine biriko birabera.

Insiguro y'isanamu,

Umuhari wa FARC watanguye kurwanya reta n'ibigwanisho mu 1964

Iyo ntambarayahitanye abantu barenga ibihumbi 220, isiga abarenga umuliyoni batagira aho bakika umusaya.

Igihe ayo masezerano azomara kizogenwa n’abanyagihugu ba Colombia biciye mu matora ya kamarampaka azoba mu kwezi kwa cumi.