Pravin Gordhan yanse kwitaba igipolisi muri Africa y'epfo

Umushikiranganji ajejwe ubutunzi muri Afrika y'epfo Pravin Gordhan Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji ajejwe ubutunzi muri Afrika y'epfo Pravin Gordhan

Umushikiranganji w’ubutunzi mu gihugu ca Afrika y’epfo, Pravin Gordhan, yanse kwitaba igipolisi, avuga ko ivyo yagirizwa bitagira ishingiro.

Gordhan yasiguye ko abamuburanira bamuhanuye kutitaba kandi ko wewe yariko arakora akazi kiwe nk’uko bisanzwe.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Afrika y’epfo bivuga ko icatumye ahamagagwa mu gipolisi bifatiye ku matohoza ku bijanye n’igisata yigeze kurongora gitangisha amakori muri Afrika y’epfo, cagirizwa ko cagize amatohoza kubanyepolitike bo muri ico gihugu.