Abagwanyi n'abanyagihugu biteguye kuva i Darayya

Ahavuye isanamu, REUTERS
Imodoka za Croix Rouge ziriteguye kwinjira mu gisagara ca Darayya
Habonetse umwumvikano uha uburenganzira abagwanyi n’abanyagihugu kuva mugisagara ca Darayya muri Syria, cari cugarijwe n’ingabo za reta kuva mu 2012.
Vyitevye ko gukurayo abo bantu muri ico gisagara, kiri hagufi ya Damas bitangura ku musi wa gatanu.
Imodoka z’umuryango utabara imbabare Croix Rouge ziriteguye kwinjira muri ico gisagara.
Ababa muri ico gisagara bari basugerejwe n’ibitero vya bombe vya misi yose, ibura ry’ibifungurwa, amazi n’umuyagankuba.
Abanyagihugu baronse imfashanyo ubwa mbere mu kwezi kwa gatandatu mu kiringo c’imyaka ine.
Iyo ngingo ifashwe mu ghe umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, ariko araganira na mugenzi we w’Uburusiya, Sergei Lavrov I Geneve.
Baganira ku gahengwe ko guhagarika intambara mu gisagara ca Alepp, aho intambara hagati ya reta n’abayirwanya yasubiye kwaduka mu ndwi ziheze, ihitana abantu amajana n’amajana.
Ahavuye isanamu, SYRIA RED CRESCENT
Croix rouge ivuga ko igikorwa cabo ari ico gutabara imbabare
Mu mwumvikano washitsweko ku gisagara ca Darayya, abagwanyi 700 baravayo bagane igisagara ca Idlib kiri mu minwe y’abagwanya reta, mu gihe abanyagihugu 400 na bo baza kuja mu bibanza reta yabateguriye, nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru cegamiye reta ya Syria.