Yemen: Igitero ca bombe cahitanye abantu barenga 40

Igisagara ca Aden kiramaze kugirwako ibitero vya al-Qaeda canke IS

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Igisagara ca Aden kiramaze kugirwako ibitero vya al-Qaeda canke IS

Abantu boba bashika 40 biciwe mu gitero ca bombe c’umwiyahuzi mu kigo ca gisirikare mu bumanuko bwa Yemen mu gisagara ca Aden, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.

Ikigo gikorerwamwo imyimenyerezo ya gisirikare y’umugwi w’abagwanyi bashigikiye reta, cagizweko igitero nk’uko inkuru zibivuga.

Ico gitero kibaye mu gihe hariko hharaba utundi twigoro two kurangiza intambara imaze imyaka 17 hagati ya reta ishigikiwe na Arabie Saudite hamwe n’abagwanyi.

Onu ivuga ko abantu barenga 6.600 bamaze kwicwa, benshi muri bo bakaba ari abanyagihugu basanzwe.

Insiguro y'isanamu,

ADEN

Abandi bantu barenga imiliyoni 2.5 na bo barataye izabo.