Abimukira benshi barokowe muri Libya

Ahavuye isanamu, AP
Umugabo afise umwana wiwe w'imisi itanu mu bwato buje kubatabara
Abimukira 6.500 barokowe mu mazi, nk’uko bivugwa n’abacungera inkengera z’ibahari mu Butaliano, mu gikorwa gikomeye kitari bwigere kibaho gushika ubu.
Igikorwa co gutabara gikorewe hamwe n’imigwi 40 cabereye ku birometero 20 uvuye mu gisagara ca Sabratha muri Libya, nk’uko babandanya babimenyesha.
Video yerekana abimukira, bivugwa ko ari abo mu bihugu vya Somalia na Eritrea, bishimye abandi boga mu mato mato, mu gihe abandi bari bafise abana mu ntoke.

Ahavuye isanamu, None
Inzira abimukira bakunze gufata
Ku musi w’Imana, abimukira barenga 1.100 baratabawe muri ako karere nyene.

Ahavuye isanamu, AP
Benshi mu bimukira bahunga ubukene n'intambara
Umutekano muke urangwa muri Libya watumye ico gihugu gicika inzira yabakora urudandazwa rw’abimukira.
Ico gikorwa co ku musi wa mbere carimwo amato avuye yo mu gihugu c’Ubutaliano, ayo ubumwe bwa buraya Frontex hamwe n’ishirahamwe Proactiva Open Arms hamwe rero na Medecins Sans Frontieres (MSF).
Abo bimukira bari mu bwato ari benshi cane, harimwo igitoro gishobora kubashikana kubabatabara, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AP.

Ahavuye isanamu, AP
Benshi muri abo bimukira bava mu bihugu vya Eritrea na Somalia
Mu mwaka uheze, abimukira barenga umuliyoni, benshi bahunze intambara ibera muri Syria, barashitse ku mugabane wa Buraya, batera ibibazo mu gihe ivyo ibihugu bigize uwo mugabane vyagerageza gutorera inyishu ico kibazo, bituma EU yigaburamwo ibice ku kungene abo bantu boronswa ubuhungiro.