Apple yoba igiye kurihishwa ikori itarishe muri Irland?

Apple ishobora kurihishwa amakori itarishe n'akanama k'ubumwe bwa Buraya
Insiguro y'isanamu,

Apple ishobora kurihishwa amakori itarishe n'akanama k'ubumwe bwa Buraya

Vyitezwe ko akanama k’ubumwe bwa Buraya gategeka ishirahamwe rya telefone ngendanwa Apple kuriha amamiliyaridi n’amamiliyaridi y’amakori batari bararishe.

Ivyo bije bikurikira amatohoza yakozwe kugira hamenyekane amasezerano y’amakori yemeranijwe hagati y’igihugu ca Irland n’iryo shirahamwe.

Akanama k’ubumwe bwa Buraya karanebaguye abashikiranganji b’ico gihugu mu kudatangisha ikori Apple, kugira na bo bahe akazi abanyagihugu babo.

Apple ivuga ko ata masezerano adasanzwe bagiririraniye, kandi ko bariha ikori rinini mu gihugu ca Amerika ahari icicaro gikuru c’iryo shirahamwe.

Apple yagirizwa kugirana amasezerano na Irland atuma idatanga ikori

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Apple yagirizwa kugirana amasezerano na Irland atuma idatanga ikori

Ishirahamwe rya Apple ni rimwe mu mashirahamwe yo muri Amerika akurikiranwa n’akanama k’ubumwe bwa buraya kubera amasezerano yayo yerekeye amakori kuri uwo mugabane.