Somalia: Batanu baguye mu gitero i Mogadishu

Ahavuye isanamu, REUTERS
Ihoteli SYL i Mogadishu
Ikibombe giteze mu modoka caturikiye mw’ihoteli iri hagati mu gisagara ca Mogadishu, yegereye iryango igana ku kirimba c’umukuru w’igihugu.
Abantu batanu ni boba baguye muri ico gitero.
Umugwi wa Al Shabab wemeza ko ari wo wakoze ico gitero.
Uwabibonye yabwiye BBC ko yabonye abantu benshi bakomeretse.
Yavuze ko ihoteli yononekaye cane, kandi ko abajejwe umutekano bamaze kuhashika.
Ibinyamakuru vyo ngaho bivuga ko hari hategekanijwe kubera inama y’abajejwe umutekano muri iyo hoteli ya SYL. Imaze guterwa incuro nyinshi n’abagwanyi ba Al Shabab muri iyi myaka iheze.