Abatwa bimuwe kubera ubukerarugendo ubu baraganya.

Rukeri, Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu TOMMY TRENCHARD
Image caption Abana b'abatwa bariko bigina akazuba ku musozi

Haraheze imyaka nka 20 abatwa bo muri Uganda baba mu mashamba bimuwe kugira babisire ayo mashamba inguge zikwega ba mukerugendo baza kuratira ijisho.

Ku mucamo w'umusozi wa Muhabura, mu buseruko bushira ubumanuko, haboneka utururi twubakishije ivyatsi, tuboneka nk'uduhongore tw'ibitungwa, canke aho babika ibikoresho vyo mu ndimo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AURELIE MARRIER D'UNIENVILLE
Image caption Akazu k'umutwa muri Rukeri

Ariko ni amazu y'abatwa, bahabaye mu bukene ntangere kuva bakuwe mu mashamba, mu myaka ya 1990s, igihe hatanguzwa umugambi wo kuyakingira.

Kuva ku gihe ca Idi Amin mu myaka ya 1970s, igihe ibikoko vyo mu mashamba ya Uganda vyahigwa bikicwa ku bwinshi, umugambi w'ico gihugu wo kubungabunga amashamba n'ibinyabuzima warashimwa cane.

Ibitigiri vy'imvubu vyariyongeye, inguge zo mu mitumba ziragwira.

Amashamba akingiwe ya Uganda kino gihe arakwega ingenzi cane, ziturutse mu mihingo y'isi, kandi bikabombora ikigega c'igihugu.

Ariko ku batwa bo muri ico gihugu baharurwa hagati ya 3000 na 7000, ubwo bukerarugendo ntibwabonetse kuri gusa.

Abatwa birukanywe mu mashamba ntibigeze bahabwa indishi, abenshi ubu bakaba babayeho basembereye canke bakaba abagererwa ku bafise amatongo.

Annette Akimana aheruka gusukwako amazutu araturirwa n'umuntu yamufatiye mw'itongo iwe arondera ibifungurwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu TOMMY TRENCHARD
Image caption Annette Akimana yaturiwe azira kwiba mu murima

Ubu Annette Akimana abeshejweho no guca ingero mu kurimira abafise amatongo, bakamuhemba infungurwa canke amafaranga.

Iyo ahisemwo amafaranga, bamuha munsi y'idorari rimwe ($0.90 canke £0.70), ayo akaba adashobora kumuhaza we n'abana biwe bato babiri.

Iyo ahisemwo ibifungurwa, naho nyene ntashobora kuziganya kugira arabe uko yohindura imibereho.

Rimwe na rimwe akura udufaranga mu gutambira ba Mukerarugendo, yambaye insato z'inyamanswa.

Abona ko bimutesha agaciro, ariko avuga ko ata kundi ari bugire kuko aba akeneye ako gafaranga.

Penninah Zaninka, umuhuzabikorwa w'urunani rwishinze iterambere ry'abatwa -UOBDU, avuga ko n'aho hari icahindutse ku buryo abatwa basanzwe bafashwe, kubaho ata gatongo bafise bituma bagira ubuzima butoroshe.

Bamwe muri abo batwa baba mu twibare duto bahawe n'ishengero, ngo bategerezwa gufashwa muri vyose.

Uwufise ububasha kw’isanamu AURELIE MARRIER D'UNIENVILLE
Image caption Bamwe mu Batwa baba mu vyibare abahwe n'ishengero

Abo batwa ngo nta ruvugiro bafise kuko batagira agatongo, abandi banyagihugu bababona nk'aho ata gaciro bafise.

Umusozi wa Muhabura uri muri itatu ihurumbirwa n'abakerarugendo mu Birunga vya Uganda.

Ishirahamwe UOBDU ryagerageje gushira abatwa mw'ishure mu ntumbero yo kuraba nimba bashobora kuva mu bukene, ariko ntibirakunda.

Mme Zaninka, agira ati "wokwiga gute n'inzara mu nda"?.

Ku bwiwe ngo ikibazo co kubakura mw'ishamba ata nteguro yo kubafasha ihari nico catumye baguma mu kaga k'ubukene.

Uwufise ububasha kw’isanamu TOMMY TRENCHARD
Image caption Umusozi wa Muhabura uri mu yikingiye

Abatwa bavuga ko ishamba ritabaha infungurwa gusa, nk'inyama baronka mu guhiga, bakaronka n'ico kwifuka mu nsato; ngo barikuramwo n'imiti y'ivyatsi ndetse bemera ko ryanabakingira kubera imizimu ya ba sekuruza babanayo.

Jossy Muhangi, umuvugizi w'ubutegetsi bujejwe gukingira ibinyabuzima muri Uganda (Uganda Wildlife Authority) -UWA, avuga ko abo batwa bari babangamiye ibinyabuzima igihe baba mu mashamba.

Avuga ko bamaze kuhava ingagi ziyongereye.

Aremeza ko abatwa bari babanye neza n'izo nyamanswa kuko batazirya, ariko ngo imitego yabo yari izimereye nabi.

Uwufise ububasha kw’isanamu TOMMY TRENCHARD
Image caption Abatwa barakenyuka gusunvya abandi kubera imibereho mibi

Mahuk Isaac, kuva yirukanywe mw'ishamba, amaze kubura abana batanu mu ruvyaro rw'abana indwi.

Kubwa Mahuk Isaac ngo guhabwa ubutaka vyonyene ntibikwiye, kuko ngo abatwa badasanzwe bamenyereye ivyo kurima no kworora.

Kuva mu myaka 1930, Ubutegetsi bw'aba koloni b'Abongereza bwatanze itegeko ko ibice vyo mu bumanuko bushira uburengero biharirwa ibinyabuzima, baca bakura abatwa muri ayo mashamba ubwo nyene.

Ariko hari abashoboye kwihisha kugeza mu 1991, aho perezida Yoweri Museveni, abifashijwe n'ibanki y'isi yose, asohoreye itegeko rigena ivyo bice vy'ubutaka nk'amashamba akingiwe.

Mahuk Isaac, ubu afise imyaka 95, aracavyibuka neza, avuga ko batinye kuraswa igihe igisirikare caza we n'umuryango wiwe bari guhinga mw'ishamba rya Bwindi.

Mu myaka yakurikiye, batanu mu bana biwe indwi baciye bicwa n'ingwara.

Nta biharuro bihari, ariko icigwa cakozwe mu 2000 cerekana ko muri rusangi abo batwa baramba kugeza ku myaka 28, aho abagera ku 40% bapfa batarakwiza imyaka itanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu TOMMY TRENCHARD
Image caption Isaac Mahuk, mw'isengero rya Kisoro

Ikibabaza Isaac ahanini s'ubukene, ahubwo ngo n'ukubaho asegerereza, akorera abandi.

Abatwa babona ko bari bakwiye guhabwa igice c'ibiva mu bukerarugendo, bwinjiriza Uganda miriyoni 34 z'ama dorari buri mwaka, nk'uko bitangazwa n'ikigo mpuzamakungu kijejwe kubungabunga ingagi.

Ikigo UWA kijejwe gukingira ibinyabuzima n'amashamba muri Uganda, cemeza ko kuri buri $ 600 kirihisha ingenzi, $8 aja mu bikorwa vyo gutez'imbere abanyagihugu, ariko ngo nta n'amwe ashikirizwa Abatwa ubwabo.

Bamwe muri bo bavuga ko leta ahubwo yitaho ingagi kubasumba.