Trump aragendera Mexique

Ahavuye isanamu, AP
Trump yavuze ko abimukira bo muri Mexique ari inkozi z'ikibi kandi bafata abapfasoni ku nguvu
Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicains mu gihugu ca Amerika, Donald Trump, yemeye ubutumire bwo gutemberera prezida Enrique Pena Nieto w’igihugu ca Mexique ku musi wa gatatu.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu bivuga ko imigambi y’uko haba ibiganiro hagati y’abo bagabo babiri iriko irahera gutegurwa.
Iyo nama iza kuba umwanya muto imbere y’uko Trump ashikiriza ijambo ryerekeye abimukira badakurikije amategeko.
Mu myiyamamazo yiwe, Trump yavuze ko abanye Mexique binjira muri Amerika ari ‘inkozi z’ikibi’ kandi ‘bafata abapfasoni ku nguvu’.
Ahavuye isanamu, REUTERS
Prezida wa Mexique, Pena Nieto
Yiyemeje kwubaka uruhome rubuza abimukira gusubira kwinjira muri ico gihugu.
Umva amwe mu majambo ya Trump kuri Mexique
Prezida Pena Nieto yaranatumiye n’uwundi yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku ruhande w’abademocrates, umupfasoni Hillary Clinton.