Umushikiranganji wa Korea ya ruguru yarishwe

Kim Jong-un amaze kwica abategetsi benshi kuva ashitse ku butegetsi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Kim Jong-un amaze kwica abategetsi benshi kuva ashitse ku butegetsi

Reta ya Korea y’epfo ivuga ko umushikiranganji w’indero mu gihugu ca Korea ya ruguru yishwe n’abategetsi bar eta.

Uwo mushikiranganji w’indero Kim Yong-jin yagirijwe gusinzira mu nama yariko iragirishwa n’umukuru w’ico gihugu Kim Jong-un.

Zimwe mu nkuru zivuga ko uwo mushikiranganji, yari no muri bamwe mu vyegera vy’umushikiranganji wa mbere, yafashwe n’itiro ari muri iyo nama, ivyo bafashe nko kutubaha umukuru w’ico gihugu.

Abategetsi ba Korea y’epfo bavuga ko bazi neza ko uwo mushikiranganji yishwe arashwe mu kwezi kw’indwi.

Bavuga kandi ko abandi bategetsi babiri bakomeye bategetswe kuja kuba kuri mu misozi mu ntumbero yo ‘kubaha icigwa’.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Prezida Kim Jong-un n'umugore wiwe Ri Sol-ju

Igihugu ca Korea y’epfo cigeze kuvuga ko umukueru wa gisirikare wa Korea ya ruguru Ri Yong-gil yishwe mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka.

Ariko mu kwezi kwa gatanu, vyaragaragaye ko yari akiriho kandi ko yitaba amanama hamwe n’imisi mikuru ya reta.

Ubwa nyuma Korea ya ruguru yaherutse gutangaza ku mugaragaro ko yishe umutegetsi mukuru wayo, hari mu 2013, aho narume wa prezida w’ico gihugu Chang Song-thaek yicwa.

Itangazo ry’urupfu rwa Yong-jin ryashikirijwe n’ubushikiriranganji bwo gusubiza hamwe bwa Korea y’epfo, rikaba ryasohotse inyuma y’imisi mike ikinyamakuru kimwe canditse ko abategetsi babiri ba Korea ya ruguru bishwe barashwe n’ibisase vyo kurasa indege.

Ico kinyamakuru cavuze ko abo babiri bishwe mu ntango z’uku kwezi.

Abantu barenga cumi baramaze kwicwa kuva Kim Jong-un ashikiriye ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Uwo mushikiranganji yazize gusinzirira mu nama yariko ikoreshwa na prezida Kim Jong-un

Bamwe mu baraba ibintu n’ibindi muri politike bavuga ko uwo mutegetsi w’imyaka 32, akoresha inzira yokwica abantu ku mugaragaro mu ntumbero yo kwerekana ko ari we atwara.

Mu ntango z’uku kwezi, icegera c’uwuserukira Korea ya ruguru mu Bwongereza yarahunze igihugu ciwe, aja muri Korea y’epfo.