Abarundi babiri barasiwe mu Rwanda

Ubuurndi bwabujije gushorera ivyimburwa hanze

Ahavuye isanamu, Google map

Insiguro y'isanamu,

Ku rubibe rw'Urwanda n'Uburundi, infungurwa ntizemerewe kurengana

Abarundi babiri badandaza intore bishwe barashwe mw’ijoro ryakeye ku ruhande rw’Urwanda ku rubibe bahana n’Uburundi, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi.

Ku rubuga rwiwe rwa twitter, yavuze ko ivyo vyashitse mw’ijoro isaha 03:40 zo mu Burundi, hagufi y’urubibe rwo ku Ruhwa, abahasize ubuzima bakaba ari abagabo babiri, Fidele Niyonkuru w’imyaka 25 na Jeremie Nyabenda yari afise imyaka 23.

Mu kwezi kw’indwi, Uburundi bwarabujije uruja n’uruza rw’imodoka ziva canke zija mu Rwanda.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Ingingo yo kudashorera ivyimburwa mu Rwanda yagize ingaruka mbi ku barimyi bo mu ntara ya Cibitoke

Abarimyi b’intore n’inyanya bo mu ntara ya Cibitoke iri mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi baragize ibibazo bikomeye kubera iyo ngingo, kuko bashorera vyinshi mu vyo bimbuye mu gihugu c’Urwanda.

Insiguro y'isanamu,

Imigenderanire y'Uburundi n'Urwanda iguma itituka kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze

Imigenderanire hagati y’urwanda n’Uburundi yagiye iratituka kuva mu mwaka uheze, aho Uburundi bwagiriza Urwanda guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu mu 2015, rugaha n’imfashanyo ya gisirikare hamwe n’imyimenyerezo impunzi z’abarundi ziri mu makambi yo mu Rwanda.