Gabon: Amajwi asubirwemwo guharurwa

Umukuru w'abatavuga rumwe na reta mu gihugu ca Gabon
Image caption Umukuru w'abatavuga rumwe na reta mu gihugu ca Gabon

Mu gihe abantu bakirindiriye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu muri Gabon, umugambwe utavuga rumwe na reta wasavye ko amajwi yosubira guharurwa, bivuye ku nkuru zitaremezwa neza zivuga ko prezida Ali Bongo yoba yatsinze nk’uko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.

Utruhande rwa Jean Ping rwanse ibiharuro bitangwa ko ibice 99.9 ari bo batoye mu ntara ya Haut Ogooue, nk’uko Reuters isubiramwo ivyavuzwe n’umuvugizi wiwe.

Haut Ogooue hagwiriye ubwoko bw’aba Teke bwa prezida Bongo nk’uko itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ribivuga.

Abarorerezi b’amatora b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya basavye igihugu ca Gabon kwerekana ivyavuye mu matora, banabasaba kugumya umutekano.