Dilma Rousseff yahagaritswe gutwara Brezil

Mme Rousseff yemeza ko yakorewe kudeta

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Dilma Rousseff yiyemeje kurugofera

Perezida Dilma Rousseff yakuwe ku ntebe y'umukuru w'igihugu n'inama nkenguzamateka, yagiriwe n'icaha co kunyegeza uko ikigega c'igihugu cifashe.

Abakenguzamateka 61 bashigikiye ko akurwa, 20 barabihakana.

Uwuri mu kibanza c'umukuru w'igihugu mukiringo nfatakibanza, Michel temer, niwe azoheza akamarira ikiringo mme Rousseff yari yatorewe, kizogera kw'itariki 01/01/2019.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Inama nkenguzamateka ntiyashigikiye itaramurwa rya Rousseff mu mabanga yose y' igihugu mu myaka 8

Rousseff asa n'uwatsinze urubanza rwo kuri uyu wa gatatu, kuko ingingo yo kumukumira mu mabanga ya politike mu kiirngo c' imyaka umunani itashoboye gutorwa.

Nawe yabwiye abamushigikiye ko atababwiye ngo 'n'agasaga' ahubwo ko ati 'tuzoba dusubira'.

Yongeye ko ko abamukuye bahamije icaha umwere, kandi bakoze kudeta itunganijwe n'inama nshingamateka.

Leta ya Venezuela yaciye ihamagaza uwuyiserukira kuva muri Brezil, ihagarika imigenderanire n'ico gihugu.