Imidurumbanyo muri Gabo inyuma y'intsinzi ya Bongo

Ahavuye isanamu, AFP
Inyubakwa z'inama nshingamateka i Libreville yaturiwe n'abari mu myiyerekano
Imidurumbanyo yadutse ku mugwa mukuru i Libreville inyuma y'aho prezida Ali Bongo atangarijwe ko ari we yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu yabaye ku musi wa gatandatu.
Uwitoje ku ruhande rw'umugambwe utavuga rumwe na reta Jean Ping avuga ako abantu babiri bishwe abandi benshi barakomereka inyuma y'aho abajejwe umutekano bagiriye igitero ku cicaro c'umugambwe wiwe.
Reta ivuga ko iriko iragwanya abantu bitwaje ibirwanisho bari bahejeje guturira inama nshingamateka.
Ping yanse kwemera ko prezida Bongo ari we yatsinze amatora, bikaba vyaca bimuha uburenganzira bwo gutwara iyindi myaka indwi.
"Bateye igihe c'isaha imwe y'ijoro. Ni abasirikare bacungera umukuru w'igihugu. Bariko baratera ibibombe bari muri kajugujugu, hanyuma bagira ibitero bari hasi," uko ni ko Ping yavuze.
Yasavye amakungu gukingira abanyagihugu.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Abashigikiye Ping bahanganye n'igipolisi

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Abashigikiye Ping bahanganye n'igipolisi
Ivyavuye mu matora vyashizwe ahabona ku musi wa gatatu ku mugoroba, aho ibiharuro vyerekanye ko Bongo yaronse amajwi 49.8%, agakurikirwa na Ping yaronse amajwi 48.2%, bakaba barushanya amajwi 5.594 gusa.
Ping yavuze ko ayo matora yabayemwo ubusuma bwinshi ku buryo bigoye kumenya n'uwayatsinze.
Abashigikiye Jean Ping bihereje amabarabara umwanya muto inyuma y'aho ivyavuye mu matora bitangarijwe.
Baciye baturira inyubakwa z'inama nshingamateka, baranahangana n'igipolisi kijejwe kugwanya akajagari.

Amerika n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya basavye ko amajwi ashirwa ahagaragara mu gihe umunyamabanga mukuru wa Onu na we, Ban Ki Moon yasavye ko habungabungwa umutekano.
Bongo yagiye ku butegetsi mu mwaka wa 2009, inyuma y'urupfu rwa se wiwe yari yagiye ku butegetsi mu 1967.
Imbere yo kuja muri politike, Ping yahoze muvyo ububanyi n'amahanga, aho yanarongoye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu ibihumbi n'ibihumbi hagwiriyemwo abakiri bato ni bo bari mu myiyerekano

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Bongo yagiye ku butegetsi muri 2009