Abantu amajana barahagaritswe muri Gabon

Ibisigarira vy'imodoka zaturiwe mu gihe c'imyerekano

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Ibisigarira vy'imodoka zaturiwe mu gihe c'imyerekano

Onu yasavye ko impande zose zubahiriza umutekano inyuma y’imidurumbanyo yadutse kubera ukutumvikana ku vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.

Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi kasavye abitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu n’ababashigikiye kudasomborokanya no gutorera inyishu amatati abahuza biciye mu butungane.

Gushika ubu, abajejwe umutekano bamaze gufata abantu barenga igihumbi inyuma y’imisi ibiri y’imyiyerekano y’abayoboke b’umugambwe utavuga rumwe na reta.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko prezida Ali Bongo yivye amajwi muri ayo matora yabaye ku musi wa gatandatu.

Abantu batatu barishwe ku mugwa mukuru Libreville.

Prezida Bongo abandanya avuga ko yatsinze amatora mu buryo butomoye, ko kandi intsinzi yiwe ari iyo abanye Gabon bose.

Yavuze ko hari akagwi gato gashaka gufata ubutegetsi ku nguvu, kandi ko kananiwe.

Ivyavuye mu matora vyashizwe ahabona ku musi wa gatatu mw’ijoro, aho prezida Bongo yaronse amajwi 49.8%, agakurikirwa na Ping yaronse amajwi 48.2%, bakaba barusharushanwa amajwi 5.594.

Ahavuye isanamu, Gabon

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano muri Gabon

Ping yavuze ko ayo matora yaranzwemwo ubusuma ku buryo atanuwomenya uwatahukanye intsinzi.

Ku ruhande rwa Ping, bavuga ko ibiharuro biva kwa Bongo vyerekana ko abantu bashika ibice 99% ari bo bitavye ayo matora, agasaba ko rero ibiharuro vy’abitavye amatora ku biro vyose yabereyemwo vyoshirwa ahagaragara.

Prezida Bongo yagiye ku butegetsi mu 2009, inyuma y’urupfu rwa se wiwe na we yari yagiye ku butegetsi kuva mu 1967.

Imbere yo kw’itoza kurongora Gabon, Ping yararongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.