Ingene inkino za kivukanyi zagenze i Buraya

David Silva yatsindiye Espagne ibitego bibiri ku busa bw'Ububiligi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption David Silva yatsindiye Espagne ibitego bibiri ku busa bw'Ububiligi

Umugwi w’igihugu ca Portugal ufise igikombe ca Buraya wanyagiye umugwi wa Gibraltar ibitego 5-0, mu rukino rwa mbere mpuzamakungu rw’uwo mugwi wa Gibraltar baronke uburenganzira bwo kuba umunywanyi wa FIFA.

Ibitego vya Portugal vyinjijwe na Luis Nani, yinjije incuro zibiri, Joao Cancelo yinjije ica gatatu, umukinyi w’inyuma Bernardo Silva yinjije igitego ca kane hanyuma Kepler Ferreira na we yinjiza igitego ca gatanu ku munota wa 79.

Abakinyi b’umugwi w’Ububiligi batsinzwe 2-0 na Espagne, ivyo bitego vyose bikaba vyinjijwe na David Silva.

Ubugiliki bwatahukanye intsinzi iwabo mu rukino rwabahuje na Pays Bas 2-1, ibitego vyinjijwe na Konstantinos Mitroglou hamwe na Giannis Gianniotas, mu gihe igitego ca Pays Bas cinjijwe n’umukinyi wo hagati Georginio Wijnaldum.

Abafaransa batsinze umugwi w’Ubutaliano, Azzuri, ku bitego 3-1, ibitego vy’Ubufaransa bikaba vyinjijwe na Antony Martial, Olivier Giroud na Layvin Kurzawa, mu gihe ico Ubutaliano cinjijwe na Grazziano Pelle.