Jean Ping yatangaje ko yatsinze

Jean Ping asaba ko amajwi asubirwamwo guharurwa kuri buri biro vy' itora Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jean Ping yahakanye ko yarushijwe na perezida Bongo

Jean Ping yatangaje mu kiganiro yahaye abanditsi n'abanyamakuru i Libreville, ko ariwe yegukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu, asaba ko amajwi asubirwamwo guharurwa.

Perezida Ali Bongo niwe yatangajwe ko yatsinze, arusha Jean Ping amajwi ibihumbi bitandatu gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abashigikiye Jean Ping bahanganye na polisi muri Libreville

Ivyavuye mu matora bimaze gutangazwa hadutse imigumuko, imaze kurwamwo abantu batanu, abandi barenga igihumbi batabwa muri yompi.

Abashigikiye Jean Ping bari biyugaraniye ku cicaro gikuru c'umugambwe wabo mu kiringo c'iminsi itatu, bahavuye bemererwa gusohoka.

Ingabo zugarije ico kibanza igihe abayoboke ba Jean Ping baduka guturira ibiro vy'inama nshingamateka.