'Narapfuye ndazuka': uyo ni perezida Mugabe

Hari ibihuha bivuga ko Perezida Mugabe yagiye kwivuza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Mugabe yavuze ko avuye i Dubai ku bibazo vy'umuryango

Perezida Mugabe yujuje imyaka 92, ivyo yabivuze yururutse indege ku kibuga ca Harare, aho yagaragara ko afise akanyamuneza.

Iyo ndege vyari vyanditse ko yafashe urugendo ruja muri Aziya y'ubuseruko, ariko yagiye i Dubai.

Bwana Mugabe avuga ko yari yagiye Dubai ku mvo zerekeye umuryango wiwe.

Urwikekwe rufatiye ku rugendo rw'iyo ndege, hamwe n'ibindi bihuha, vyanuganuga ko yoba yagiye kwivuza i Dubai, canke ndetse yoba yanahitanywe n'ingwara.

Ikinyamakuru 'The Southern Daily' cari canditse ko Mugabe yahitanywe n' ingwara y'umutima, ngo igihugu kikaba kiramutswa mu kiringo c'infatakibanza Emmerson Mnangagwa, icegera ciwe.

Ikigo c'itangazamakuru Reuters kimenyesha ko igihe yashika ku kibuga ca Harare, Mugabe yabwiye abanyamakuru mu rurimi kavukire rw'igi Shona ko yari yagiye Dubai kubera ikibazo c'umwe mu bana biwe.

Ariko kandi yagize ati: "Ego nari napfuye, ni vyo nari napfuye. Nazutse rero nk'uko nama. Iyo ngeze mu gihugu canje mba uwo ukuri".

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abiyerekana bakozanijeko na polisi muri Harare

Vyitezwe ko perezida Mugabwe ashikiriza ijambo urwaruka mu nama yarwo yo kuri uyu wa gatandatu.

Zimbabwe gikomeje kuba mu ntureka kubera ibibazo vya politike n'ibiturire.

Mu ndwi iheze habaye imyiyerekano abantu baratabwa muri yompi.

Kuva kuwa kane w'iyi ndwi imyirekano muri Harare yarahagaritswe mu kiringo c'indwi zibiri.