Ibitekerezo ku kiganiro giheruka kuwa 20/08/2016

Ibitekerezo ku kiganiro giheruka kuwa 20/08/2016

Imvo n' imvano y'uyu munsi iha umwanya abatwandikiye batanga ibitekerezo ku kiganiro twabagejejeho kw'itariki ya 20 z'ukwezi gushize, igihe mu Burundi bibukaga umwaka ushize umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yaramaze arahiriye kwongera kuyobora igihugu.

Muri icyo kiganiro twari twatumiye Willy Nyamitwe ushinzwe itangazamakuru mu biro by'umukuru w'u Burundi, hamwe na Leonce Ngendakumana icyegera cy'umukuru w'umugambwe wa Sahwanya Frodebu.