Urugendo rw'abakenyezi mu Burundi

Abakenyezi biyamiriza inteko mvamakungu

Ahavuye isanamu, BBC/Prime Ndikumagenge

Insiguro y'isanamu,

Abakenyezi bahuriye mu rugendo mu gisagara ca Bujumbura

Abagore baturutse mu mihingo itandukanye bateraniye ku kibanza citiriwe ONU mu Ngagara bafata ibarabara ryitwa Peuple Murundi bagana hagati mu gisagara.

Bari bafise ivyapa vyiyamiriza inteko zo hanze n'abaposi 280 ONU iherutse kwemeza kurungika mu Burundi.

Urwo rugendo rwatunganijwe n'ishirahamwe ryitwa Women in Action for Peace in Burundi.

Imbere y'uko urugendo rutangura habanje ibisabusho c'amadini atandukanye mu ndimi z'icongereza, igiswahili, igifaransa n'ikirundi.

Ahavuye isanamu, BBC/Prime Ndikumagenge

Insiguro y'isanamu,

Abagore baturuka mu mihingo yose bari batumiwe

Abasenga bose basaba imana ngo ''ntihaze inteko zo hanze".

Urugendo rwarangiriye ku kibanza citiriwe kwikukira, Place de l'Independance.

Baririmvye indirimbo ihayagiza Uburundi.

Umwe mu batunganije urwo rugendo yabwiye abarwitavye ko babatumiye kugira berekane ko mu Burundi hari amahoro bongere biyamirize " abakwiragiza ibinyoma ku Burundi".