Turkiya ikomeje ibitero muri Syria

Ahavuye isanamu, AFP
Turkiya yuguruye urundi rugamba kuri IS muri Syria
Izo modokari zari ziturutse muntara ya Kilis, intara ikunzegukarirwa n'ibitero vy'ibisasu biva hakurya y'urubibe.
Bivugwa izo ngabo za Turkiya ziriko zerekeza mu muji wa al-Rai, umuji ubu uri mu minwe y'abarwanyi bashigikiwe na Turkiya, inyuma y'igihe bari bamaze bahanganye n'abarwanyi b'umurwi IS.
Amakuru aturuka mu binyamakuru vya Turkiya avuga ko ibitero vya nyuma biriko vyitswa n'ibisasu vyerekezwa ku birindiro vy'abarwanyi ba IS.