Imigumuko mu karere ka Eastleigh muri Kenya

Agace ka Eastleigh kagenderwa n'abaranguzi benshi bo mu karere

Ahavuye isanamu, AP Photo/ Sayyid Azim

Insiguro y'isanamu,

Ifoto yo mu 2008 yerekana abapolisi bamija imyuka bongera birukana abantu muri Nairobi

Abadandariza mu mabarabara mu gace ka Eastleigh mu gisagara ca Nairobi, baragumutse batera amabuye igihe bakurwa aho bari ku munsi wa gatanu.

Abafise amaduka manini mu karere ka Eastleigh baridoga ko abadandariza mw'ibarabara bapfunga amayira y'abinjira mu maduka, bikabononera urudandazwa.

Abenshi mu bafise amaduka manini n'abo mu bwoko bw'aba Somali, mu gihe abadandariza mw'ibarabara ari abo mu yandi moko.

Abaza kugurira ibidandazwa mu karere ka Eastleigh bava mu mihingo itandukanye ya Afrika y'ubuseruko no hagati, kuko ariho bizimbutse.