Mama Tereza yagizwe umweranda

Ahavuye isanamu, Reuters
Ababikira b'aba Missionaires de la Charite bageze i Roma
Mama Tereza, umubikira w'umunya Albaniya, yitavye Imana mu 1997, yashinze ibigo vy'ubutumwa bw'aba 'Missionaires de la Charite', bitaho abakene bo mu bigwati vya Calcutta mu Buhinde.
Mama Tereza azoba azwi kw'izina rya Tereza mweranda w'i Calcutta.
Abanyamakuru bavuga ko iragi rya Mama Tereza, rihuye gose n'indoto za Papa kuri Ekleziya katolika, aho yifuza cane gufasha abakene.
Ariko hari abanegura Mama Tereza ko yakoze bike cane mu kugabaniriza ububabare abari ku mpfiro.
Banamwagiriza ko yashatse kugondoza abakene b'aba Hindu ngo baje mw'idini ry'aba Kirisu.