Aris Messinis yaronse igihembo c'amafoto

Ahavuye isanamu, Aris Messinis/AFP
Abimukira bashika ari benshi muri Lesbos
Aris Messinis, akorera ikigo c'itangazamakuru AFP, yatsindiye n'ubundi bushimwe mbere, cane cane ku mafoto yafashe mu turere tw'intambara.
Uyu munyamakuru aturuka mu Bugereki, avuga ko atigeze yiyumvira ko yokwirikiranye amakuru nk' ayo mu gihugu ciwe.
Rimwe rimwe yareka ibikoresho vyiwe vyo gufata amafoto agafasha abo abonye bari mu ngorane.
Ifoto yatumye aronka gihembo, s'iyo we nyene yafashe, ahubwo n'iyafashwe n'uwamubonye ateruye akana k'impunzi agakura mu mazi.
Aris Messinis avuga ko ata kibazo kiri mu gufasha uwo abonye abikeneye, kuko gutabara bitabangamira umwuga wiwe, ngo ni umutima w'ubuntu wamuraritse.
Agira ati: "Turagerageza kwifata no kutivanga mu kintu na kimwe, ariko rero rimwe na rimwe, n'ibisanzwe kugarukira kuwo ubonye bigoye. Umuntu abikora kuko umutima wiwe ubimutegetse".
Ahavuye isanamu, RAYMOND ROIG/ AFP
Amafoto ya Aris Messinis yamanitswe Perpignan
Amafoto yiwe yamanitswe i Perpignan mu bumanuko bw'Ubufaransa.
'Visa d'Or' niko gashimwe kari hejuru gatangwa mw'isabukuru ryo guhayanishwa amafoto bita 'Visa Pour l'Image'.
Hari igihe abimukira bagera ku 7000 bashikira icarimwe mw'izinga rya Lesbos.
Ahavuye isanamu, ARIS MESSINIS/ AFP
Amafoto nk'aya yerekana akaga abajabuka baba baciyemwo
Ahavuye isanamu, ARIS MESSINIS/ AFP
Aris Messinis yafotoye ibirundo vy'imyambaro ifasha kureremba, abajabuka basiga ku nkengera z'amazi
Ahavuye isanamu, ARIS MESSINIS/ AFP
Barokowe n'abarovyi b'Abagereki, ubwato barimwo bumaze gutwarwa
Ahavuye isanamu, ARIS MESSINIS/ AFP
Kuri imwe mu mafoto yafashwe na Aris Messinis; amakenga aboneka mu maso y'uyu mugabo atuma abantu bategera inkuru
Ahavuye isanamu, ARIS MESSINIS/ AFP
Yafashe ifoto y'abimukira baryamye mu gacerere, mu gahinga ka nyaganande