Robert Mugabe yaneguye abacamanza

Mugabe avuga ko abacamanza batitayeho umutekano mu kureka ngo abantu baje mu myiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Perezida Mugabe yakebuye abacamanza kwirinda urwangara

Perezida Mugabwe yavuze ko abacamanza ba Zimbabwe berekanye urwangara no kutaba banezwe amahoro, abihaniza kutongera kugira ugwangara mu gufata ingingo.

Umwe mu batavuga rumwe na leta Tendai Biti, yagirije Mugabe ko ashaka kugira iterabwoba ku bucamanza.

Ejo buca abatavuga rumwe na leta bitura ubucamanza baregera ingingo yo kubuza ingingo yafashwe imyiyerekano mu kingiro c'indwi zibiri.

Habaye imyiyerekano irimwo n'imigumuko muri Zimbabwe muri aya mayinga aheze mugihe ubutunzi bw'ico gihugu bukomeza kuzamba.